Ku bihugu bitandatu bigize EAC, Tanzaniya niyo imaze gutanga intererano yose, igakurikirwa na Kenya yatanze ibice 97%, hama hakaza Uganda yatanze ibice 79%, ikurikirwa n’u Rwanda rwarishe ibice 67%. Sudani y’Epfo imaze kuriha ibice 12% yasabwe mu gihe Uburundi uretse hambavu y’ibirarane byo mu myaka iheze ata n’atanu buratanga uno mwaka.
Mu kwezi kwa 6 umwaka uheze, Isabelle Ndahayo umushikiranganji ajejwe iyinjira ry’ Uburundi muri EAC, yari yavuze ko igihugu kigiye gukora ibishoboka kugira uwu mwaka gitange intwererano yacyo ku gihe cyongere kirihe n’ibirarane gifite.
Icyegeranyo cy’inama nshikiranganji ya EAC Ijwi ry’Amerika ifitiye copie, kivuga ko imyenda y’ibyo bihugu iriko idindiza ibikorwa bitandukanye harimwo nko kuriha amasoko atandukanye, gusibya amanama aca atuma hari ingingo zidafatwa, ingendo zidakorwa, ukwikora ku mafaranga yahora mu kigega cy’intega bizoza n’ibindi.
Ibihugu byose bisabwa kuba byikuyeko umwenda bifite bitarenze itariki 31 z’uku kwezi kwa gatanu kugira inama nshikiranganji ishobore kwiga ayo izakoresha mu mwaka wa 2018/2019 uzatangirana n’ukwezi kw’indwi.





