byitezwe ko umwamikazi w’Ubwongereza yongererwa ibice 8 kw’ijana by’umushahara we aturutse ku mafaranga ya leta nyuma y’aho ubucuruzi bw’ubwami buronkeye inyungu y’amapawundi imiliyoni 24 z’amapawundi.
Icyo kigega kiriha umushahara w’ubwami, nibindi bijyanye nabyo! Kigiye kongeraho gushyika ku miliyoni 6 mu mwaka wa 2018 ushyira uwa 2019.
Ibyo bivuzwe mu gihe bigaragara ko amafaranga y’ umwamikazi akoresha yongereweho mu mwaka uheze ava ku mapawundi imiliyoni zibiri gushyika ku miliyoni 42.
Umwamikazi Elizabeth II n’igikomangoma William basuye ahafashirizwa abarokotse ururiro
Umwamikazi Elizabeth II yijihije isabukuru y’imyaka 90 y’amavuko
Ayo mafaranga amenyekana buri nyuma y’imyaka ibiri, ni amafaranga ahabwa umwamikazi n’ubushikiranganji bw’ikigega cya leta.
Avana n’inyungu aba yavuye mu bucuruzi bw’umwamikazi biri mu karere kanini ka West End mu gisagara cya Londres.
Ubwo bucuruzi bwahaye umwamikazi inyungu y’amapawundi imiliyoni 24.7 gushyika ku miliyoni 328.8 mu mwaka wa 2016 ushira uwa 2017.





