HomeNewsUmuvugabutumwa Billy Graham yitabye Imana

Umuvugabutumwa Billy Graham yitabye Imana

Yabandanije yigisha ijambo ry’Imana no mu myaka y’iza 80

Umuvugabutumwa aturuka muri Amerika, Billy Graham yitavye Imana ageze ku myaka 99 kubera indwara, yagize ingendo mu mfuruka zose z’isi yigisha ijambo ry’Imana.

Billy Graham yahawe ubupasitori mw’ishengero ry’aba baptista ku myaka 21 munyuma aca atangira kuyobora ibikorane byo kwigisha inkuru nziza kw’isi.

Mu 1954 yakoze igikorane rutura mu gihugu cy’Ubwongereza, yigisha abantu bagera ku miliyoni zibiri ku kiringo kirenga amezi atatu.

Yarabaye umuhanuzi w’umwizigigwa w’abakuru b’ibihuggu benshi ba Amerika, ashigikira n’utwigoro twa Martin Luther King, yigishiriza hamwe n’uwo mugabo yagwanira agateka ka zina muntu i New York.

Mu 2002 yarasavye ikigongwe ku majambo yari yashikirije atyoza abayahudi mu myaka 30 yarirangiye.

Ugereranije n’abandi bavuga butumwa bo ku rwego rwo hejuru, ubuzima bwa Billy Graham ntibwigeze buvugwamwo ibiterasoni bishingiye ku gitsina cangwa ku biturire.

Yarababajwe cyane n’urupfu rw’umutambukanyi wiwe, bari bamaranye imyaka 64 bubakanye, ariko akaba yizeye guhurira nawe mw’ijuru nta gukekereza, hamwe no guhura na Kristu yita umukiza kandi yakoreye.

RELATED ARTICLES
- Advertisment -
Google search engine

Most Popular

Recent Comments