Home Economy Umuriro Wahitanye Bane mu Gisagara cya New York

Umuriro Wahitanye Bane mu Gisagara cya New York

0

Fire crews respond to a building fire Thursday, Dec. 28, 2017, in the Bronx borough of New York. (AP Photo/Frank Franklin II)

Umuyobozi w’ibiro bijejwe kurwanya imiriro mu gisagara cya New York, Daniel Nigro, yatangaje kw’umuriro wadutse, ejo ku musi wa kane wahitanye abantu cumi na babiri mu gice cy’ahitwa Bronx. Uwo muriro wo mu nyubakwa abantu bapangamwo watewe n’umwana w’umuhungu w’imyaka itatu n’igice yariko akina n’ishiga rw’umuriro.

Daniel Nigro yabwiye abamenyeshamakuru, uno musi ku wa gatanu, ko nyina w’uwo mwana yahunze iyo nyubakwa ari kumwe nawe, n’uwumdi mwana, asiga umwango w’igice yabamwo, wuguriye. Umuriro waciye ukwiragira ningoga mu nyubakwa yose.

Abajejwe kurwanya imiriro bashitse aho wadutse mu minuta itatu inyuma yuko utanguye kwaka.Ni wo muriro uhitanye igitigiri kinini cyane cy’abantu mu nyubakwa yo gupangamwo mu gisagara cya New York mu kiringo cy’imyaka mirongo ibiri n’itanu.Abategetsi mu gisagara cya New York bavuga uwo muriro wakomerekeje bikomeye abantu bane.

Translate »
Exit mobile version
Skip to toolbar