HomeUncategorizedUmuhanga w'imyaka 13 muri Somalia, yabaye rurangiranwa

Umuhanga w’imyaka 13 muri Somalia, yabaye rurangiranwa

Gukunda gukora imiduga y’ibikinisho igenda vyatumye umwana w’imyaka 13 wo muri Somalia amenyekana iwabo anemererwa kwiga kuri gusa.

Guled Adan Abdi, ava mu muji wa Buhodle uri mu buraruko, yiyigishije gukora ibikinisho vya plastike akoresheje ibintu atora hirya no hino, aca arondera ukuntu abishiramwo imoteri yihweje ukuntu imiduga mizima ikora.

Yabariye igisata ca BBC c’igisomali ati: “Natanguye guhingura ibikinisho nkiri muto cane,

“Narabikinisha ata moteri bifise. Ariko mu nyuma naribwiye nti kuki ntobikora ku buryo bigenda?

gutekereza

  Guled Adan Abdi akora ibikinisho mu bintu bataye atora

“Naciye ndaba imiduga mu muji ukuntu igenda nca nkora ibikinisho vyanje nk’uko nyene.”

Gushika ubu amaze gukora ibikinisho bine bifise imoteri, harimwo igikamyo hamwe n’indege, akoresheje ahanini plastike akura mu bibikwamwo amavuta vya kera.

Yanahinguye igitanga umuyaga, gishobora gukoreshwa nk’itara mw’ijoro.

Guled abana na nyina, mukuru wiwe hamwe na mushiki we, akaba yiga kw’ishure rya Buhodle rihabwa imfashanyo n’abanye Somalia baba mu mahanga.

Ariko yarasigaye inyuma cane, ubu akaba ariho akija mu wa gatatu w’amashure y’intango, ishure mu bisanzwe usanga ryigamwo abana b’imyaka umunani.

  ubwengeNta n’umwe nari bwa bone akora ibintu nk’ibi… naratohoje ingene amapine y’imodoka agenda

Ibi vyatewe n’uko se yaburiwe irengero mu 2002, bikibazwa ko yapfuye.

Nyina yarahangayitse mu gutunga umuryango adandaza anjeera, icapati zo muri Somalia, amahera amubanye make, umuryango waca utegerezwa kuja kuba mu miryango ya kure mu karere ka Guled ahatari amashure.

‘Agateka k’incabwenge’

Ariko umwaka uheze bawumaze i Buhodle, Guled akaba yaramaze amasaha menshi mu buhinga bwiwe avuye kw’ishure, rihera saa sita.

Agira ati: “Kuva saa sita gushika ku masaha yo kumugoroba mba ndi mu bikorwa vy’imiduga yanje.

“Nta n’umwe ndabona akora ibintu nk’ibi kandi ntawabinyigishije. Nararondeye ndabimenya, nk’akarorero ukuntu amapine y’imiduga agenda.”

Image caption Guled acomeka ibikinisho vyiwe kw’ibatiri kugira bigende

Kugira ivyo bikinisho bigende, abicomeka kw’ibatiri iri mu kumba, kariko ibimenyetso vyo guteranya (+) no gukuramwo (-).

Agira ati “Ushize ku kimenyetso co gukuramwo, umuduga usubira inyuma, ushize ku kimenyetso co kwongera umuduga uca uja imbere.”

Ivyo bikinisho bikorwa mu bintu atora mw’iyarara, rero ikintu conyene akenera kugura n’amabatiri, nayo agura amadolari $0,25 kuri abiri.

Umwigisha wiwe, Asha Ahmed Omar, yamuhaye ingoga muri iki gikorwa ciwe, amuhimiriza kubandanya ubushakashatsi bwiwe, anamugurira amabatiri ya mbere.

Atanguye kumenyekana, abantu bagiye batangura kuza nyuma ya saa sita bakamuha ingoga bakanaraba ingene akora.

Ibi vyanejereje cane nyina, Maryan Hassan, kuko atigeze ashima cane ko umuhungu wiwe atwarwa n’ivyo, rimwe na rimwe akaba yarataye imwe mu miduga yaba yujuje mu nzu.

Maryan Hassan, ashimishwa cane n’umuhungu wiwe w’incabwenge.

Gutera imbere kwa Guled vyaguye neza umuryango wiwe, ubu uriko uratora mitende nyuma yo kugwa hagati y’indyane z’amoko, haciye umwaka, igihe umupfasoni Hassan yakomeretswa n’urusasu ku bitugu.

Arashaka uko yanoza ubuhanga bwe

GeniusKumenyekana kwiwe ubu kwarenganye Buhodle nyuma y’aho umwigisha wiwe abwiriye abajejwe intwaro ivy’umunyeshure wiwe, mu ntango za kuno kwezi akaba yasabwe kuja Garowe, ku birometero 270, umuji mukuru mu karere gasa n’akigenga ka Puntland muri Somalia.

Yambaye costume, Guled yeretse ivyo yahinguye umukuru w’igihugu wa Puntland, Abdiweli Mohamed Ali ku kirimba ciwe.

Aribaza uko yabigenza ngo atangire akore uruganda rw’Imodoka.

  ubushoboziUmukuru w’igihugu w’intara ya Puntland muri Somalia, yashaka kubona ubuhinga bwa Guled

Umukuru w’igihugu Ali yamwemereye ko leta ya Puntland izomurihira amashure.

Ariko kuri Guled hari ikindi kibazo – kuronka amahera yo kugura ibikoresho bishasha vy’ibikinisho vyiwe, kuko ashaka kuza arabigurisha.

Arareba imbere hazaza, uyu mwana w’ingimbi, avuga ko, ibyo yipfuza gukora bidaherera ku bikinisho gusa.

“Nshaka kwiga ingene nohingura imiduga nyayo.”

RELATED ARTICLES

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.

- Advertisment -
Google search engine

Most Popular

Recent Comments