Umugambwe uri ku butegetsi muri Zimbabwe wa Zanu-PF wirukanye ku buyobozi prezida Robert Mugabe.
Cyagenye uwahoze ari icyegera cyiwe Emmeson Mnangagwa yari yirukanywe mu mabanga yiwe mu ndwi zibiri ziheze ngo abe ari we arongora uwo mugambwe.
Guhagarikwa mu mabanga yiwe kwa Mnangagwa kwazanye ibibazo byinshi mu gihe igisirikare cyaciye cyigarurira ubutegetsi, kinabuza Mugabe w’imyaka 93 kugena umugore wiwe Grace Mugabe kuba icyegera cyiwe.
Abantu ibihumbi n’ibihumbi barihereje amabarabara mu gihugu cya Zimbabwe ku musi wa gatanu biyamiriza Mugabe.
Mugabe yabonetse ubwa mbere inyuma yo gufungwa icamaso
Umukuru w’ishirahamwe rikomeye cane c’abagwaniye ukwikukira, Chris Mutsvangwa yabwiye Reuters ko iryo shirahamwe ryari ryatanguye umugambi wo gukura Mugabe ku butegetsi nk’umukuru w’igihugu.
Abanye Zimbabwe ibihumbi n’ibihumbi ejo barihereje amabarabara, na cyane cyane ku mugwa mukuru Harare mu gusaba prezida Mugabe ngo atange imihoho, bitwaje ivyapa vyanditseko ngo “Mugabe nagende”.
Umugambwe wa Zanu-PF ni wo mugambwe wafashije prezida Mugabe kuguma ku butegetsi imyaka 40.

Ubu ariko bikenewe ko bashirako igitsure kugira atange imihoho kubera ukutumvikana gukomeye ubu kugaragara mu mugambwe uri ku butegetsi.
Igisirikare cy’icyo gihugu cyarigaruriye ibibanza bikomeye bya leta banafungira Mugabe imuhira iwe kuva hirya y’ejo, bakaba kandi bamaze imisi mu biganiro.
Zimbabwe: abantu ibihumbi n’ibihumbi bari mu munezero wo gusezerera intwaro ya Mugabe
Mugabe ngo yifuza ko umugore wiwe ari we yomusubiriye ariko abarwaniye intahe yo kwikukira muri icyo gihugu bashaka uwahoze ari icyegera cy’umukuru w’igihugu Emmerson Mnangagwa, yaheruka kwirukanwa mu mabanga yiwe na prezida Mugabe mu ndwi zibiri ziheze, bivuye k’ukutumvikana kuri hagati y’umugore wa prezida kuva kukugwanira ubutegetsi.