Kur’ uno musi wa kabiri leta yatanganje ko abategetsi bagiye guhabwa uburenganzira bwo gukoresha uburyo bwa leta mu nzira zitandukanye, mu ntumbero yo gukemura ikibazo ry’ikena ry’amazi. Bahawe kandi uburenganzira bwo gushira mu ngiro imigambi izofasha igihugu kwirinda ibibazo by’ibura ry’amazi mu bihe bizaza.
Abategetsi bavuga ko ikibazo cy’ikena ry’amazi kibangamiye cyane cyane ibice bitatu by’igisagara cya Cape Town mu bumanuko bw’igihugu.
Abategetsi ba Cape Town bari bamaze amezi atari make bagabisha ko umusi bise “ Umusi w’Ubusa” aho amazi azobura rwose uzogera, aho icyo gisagara gitegerezwa kugara ubudasubira inyuma amavomero yose, bitewe n’uruzuba rwinshi.
Umugambwe utavuga rumwe na leta Democratic Alliance uvuga ko kuba reta yatangaje ko igihugu cyinjiye mu bihe bigoye by’amakuba, bivuga ko ikwiye no guca itanga amafaranga yo kwitaho uturere tugeramiwe kurusha utundi.






