Ibi biri mu mpapuro zabonywe n’ikiganiro ca BBC, Newsnight.Icegeranyo kivuga ko ubwo buhinga bwakoreshejwe no mu bindi bihugu vyo muri Afrika hamwe no muri Syria.
Ibigo bihingura ubuhinga nk’ubwo mu bisanzwe bibwirizwa kutabugurisha ku bihugu mu gihe hari impungenge z’uko bwokoreshwa nabi.
BBC yakoranye n’ikigo Privacy International, caronse impapuro mw’ibanga zerekana ko ubwo buhinga bwakoreshejwe mu guhasha abanenga leta muri Uganda.
Inyandiko y’ibanga ryo hejuru yateguwe n’umukozi mukuru mu iperereza rya Perezida Museveni irasobanura iyo gahunda yiswe “Fungua macho”, bivuga fungura amaso.
Umugambi wose wari uhuriwemo n’abasesenguzi bo mu iperereza 70.
Iyo nyandiko iravuga ko ikoranabunga rya Finfisher ryaguzwe muri Gamma Group International ryakoreshejwe mu “kuneka umwanzi, gukusanya inyandiko, gucengera mu buryo umwanzi akoresha, gufata amajwi y’itumanaho hamwe kwangiza itumanaho.”
Rishobora gukoreshwa rwihishwa mu mazu, imodoka, mudasobwa, telefoni ngendanwa, camera hamwe n’ibindi bikoresho bishobora gutanga amakuru.
Iyo nyandiko iravuga ko icyo gikorwa kimaze gukusanya amakuru ashyira hanze amabanga y’ishyaka rikomeye ritavuga rumwe na leta ya Uganda, FDC.
Iravuga ko ikigamijwe ari kugira ubushobozi no gukurikirana ibigo by’itangazamakuru n’abanyapolitiki batavuga rumwe na leta.
Iyo nyandiko iravuga ko iryo koranabuhanga rikoreshwa no mu bindi bihugu nka Nigeria, u Rwanda, Zimbabwe, Senegal, Kenya na Syria.
Umuvugizi wa leta ya Uganda yahakanye ko Uganda ikoresha iryo koranabuhanga.
Yavuze ko Perezida Museveni adakoresha uburyo butemewe n’amategeko bwo kugambanira abatavuga rumwe nawe.
Gama Group International, n’ikigo cyo mu Bwongereza, gifite amashami no mu bindi bihugu birimo Ubudage.
Kiravuga ko kigurisha iryo koranabunga kuri za leta kubera impamvu zo kurwanya iterabwoba.





