Home News Uganda: Ibimenyeshamakuru biraterwa ubwoba!”Atagiye gukora bunyeshyamba”

Uganda: Ibimenyeshamakuru biraterwa ubwoba!”Atagiye gukora bunyeshyamba”

0

Leta ya Uganda n’umugambwe uri ku butegetsi baragira iterabwoba ku bamenyeshamakuru mu ntumbero yo kubacecekesha ngo ntibagire ico babavuzeko kibi imbere y’uko haba amatora yimirije y’umukuru w’igihugu n’ayo abashingamateka, nk’uko biri mu cegeranyo c’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu, Human right watch.

“Abamenyeshamakuru barirukanywe mu kazi kubera igitsure ca reta, amaradiyo araterwa ubwoba kuko yahaye ijambo abatavuga rumwe nay o canke mu gihe abo bahaye ijambo abavuga ibitagenda neza ku mugambwe uri ku butegetsi, ivyo bikavugwa na Human Right Watch ifise icicaro muri Amerika.

Iryo shirahamwe ringerako ko iterabwoba rituma ibimenyeshamakuru bidakora neza.

“Uganda yogira amatora mu muco gute mu gihe ibimenyeshamakuru n’iyindi migwi yigenga idashobora gucira hasi ivyerekeye umugambwe uri ku butegetsi n’nabategetsi muri reta ata bwoba?” ivyo bivugwa na Maria Burnett wo muri HRW.

Reta nta co iravuga kuri ico cegeranyo.

Image copyright BBC World Service
Image caption Kizza Besigye, umwe mu bitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu muri Uganda

Prezida wa Uganda Yoweri Museveni arahanganye bimwe bitari bwaboneke n’abo batavuga rumwe mu myaka 30 yari amaze ku butegetsi. Abantu idwi ni bo bahanganye na we mu matora y’umukuru w’igihugu, harimwo uwahoze ari somambike wiwe n’umushikiranganji wiwe wa mbere, Amama Mbabazi, hamwe Kizza Besigye amaze gutsindwa incuro 3 zose.

NO COMMENTS

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.

Translate »
Exit mobile version
Skip to toolbar