Home News Udushya Uwiteka Imana Nyiringabo yakoreye muri Bangaladesh!!!

Udushya Uwiteka Imana Nyiringabo yakoreye muri Bangaladesh!!!

0

Umupfasoni Sultana ntiyari azi ko atwite  abandi bana 2 nyuma y’ukwezi abyaye umwana

Umugore wo muri Bangladesh afite ibitereko bibiri munda ye,yibarutse impanga (twins) inyuma y’ukwezi abyaye

Umugore w’umunyabangladesh yibarutse amahasa inyuma hafi y’ukwezi kumwe abyaye umwana w’umuhungu hatari bwagere, nk’uko bivugwa n’umuganga yamukurikiranye.

Arifa Sultana w’imyaka 20 y’amavuko, yaheruka kwibaruka mu mpera y’ukwezi kwa kabiri guheze.

Uwo mupfasoni asanzwe aba hanze yumujyi mucyaro, yari yibarutse umwana wa mbere ku bitaro by’ishure y’ubuganga byitwa Khulna Medical College Hospital mu karere ka Khulna muri ico gihugu ca Bangladesh.

Muganga Sheila Poddar, asanzwe ari umuhinga mu bijyanye n’iby’irondoka ry’abakenyezi akaba ari nawe yamukoze, yabwiye BBC ko inyuma y’iminsi 26, uyo mupfasoni yumvise aribwa mu nda, ari naho yaciye anyarukanwa ku bitaro byitwa Ad-din Hospital, mu karere ka Jessore ku wa 21 z’uku kwezi kwa gatatu.

Abaganga bamupimye basanze yari agikuriwe, yibungenze amahasa mu gitereko kigira kabiri, ari naho baciye bamukora vyihuta.

‘Twagize ubwoba bwinshi cyane’

Yavuze ati: “Aho uwo mupfasoni akimara kuhagera, twahisse tumupima dukoresheje bya byuma bipima mu nda, dusanga   afite impanga mu gitereko”.

“Twaratangaye kandi tugira ubwoba bwinshi cane. Sinari bwigere mbona ibintu nk’ibi”.

Avuga ati: “Nti yari azi ko yibungenze abandi bana babiri. Twaramukoze hanyuma yibaruka amahasa, umuhungu n’umukobwa”.

Muganga Poddar avuga ko umupfasoni Sultana n’umugabo wiwe “bakenye cane” kandi ko “atigeze apimwa mu nda na rimwe” imbere y’uko yibaruka umwana wa mbere.

Uwo mupfasoni nizo mpanga barekuwe ku wa 25 z’uku kwezi kwa gatatu inyuma y’iminsi ine bari mu bitaro.

Yavuze ati: “Ayo mahasa na nyina wabo bose barakomeye. Ndanezerewe cane kubona vyose vyagenze neza”.

Umupfasoni Sultana yabwiye itangazamakuru rya AFP ko aryohewe ari kumwe n’abana biwe, akavuga gusa ko afite impungenge z’ingene azobarera kubera ubukene.

AFP ivuga ko umugabo wiwe asanzwe akora udukorwa tubayabaye akaronka amadolari ari munsi ya 95 ku kwezi, ariko ko “azogerageza uko ashoboye”.

Avuga ati: “Ni igitangaro cy’Imana kubona abana banjye bose bameze neza. Nzogerageza uko nshoboye kwose kugira ngo ndabanezereze”.

Translate »
Exit mobile version
Skip to toolbar