Home Economy Ubushinwa burahakana kugurisha inyama z’abantu

Ubushinwa burahakana kugurisha inyama z’abantu

0

Ubushikiranganji bw’imigenderanire y’ubushinwa burahakana inkuru zivuga ko amahinguriro y’imfungura muri ico gihugu ashira inyama z’abantu mw’ikopo baza kugurisha muri Afrika.

Ikimenyeshamakuru co muri ico gihugu Xhinua cavuze ko hari ikimenyeshamakuru co mu gihugu ca Zambia canditse bidaciye mu mategeko ivyo umupfasoni umwe atavuzwe izina yavavu, asanzwe aba mu Bushinwa.

Yavuze ko amahinguriro yo mu bushinwa ahora afata ibiziga bakabivanga n’ibirungo imbere yo guca bayishira mu bikopo.Umuvugizi w’Ubushinwa, Hong Lei yavuze ko izo nkuru ata ho zifatiye.

 

 

 

 

Uwuserukira igihugu c’Ubushinwa muri Zambia, Yang Youming, yavuze ko izo nkuru zifise intumbero yo kwonona imigenderanire myiza ivyo bihugu bifitaniye.

“Uyu musi ikinyamakuru kimwe kiriko kirakwiragiza ububeshi, kivuga ko Ubushinwa bugurisha inyama z’abantu bushira mu makopo imbere yo kuza kuzigurisha muri Afrika. Ubu ni ububeshi bukorwa n’impaka,budashobora kwemerwa iwacu.”

Translate »
Exit mobile version
Skip to toolbar