HomeNewsUburusiya bwagirizwa kuyobya abakora itohoza ku gitero cy'ubumara

Uburusiya bwagirizwa kuyobya abakora itohoza ku gitero cy’ubumara

Umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburusiya n’amakungu yavuze ko icyemezo ko hakozwe igitero cy’ubumara cyavuye mu bigo by’itangazamakuru

Uburusiya bwahakanye ko buriho burazimanganya ibimenyetso byemeza ko hagabwe igitero cy’ubumara muri Siriya, cyatumye ibihugu byo mu burengero bigaba ibitero ku munsi wa gatandatu.

Mu kiganiro Hardtalk cya BBC, umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburusiya n’amakungu, Sergei Lavrov yavuze ati: “Ndashobora kwemeza ko Uburusiya atacyo bwayobagije muri icyo kibanza.”

Amakenga ajanye no kuyobya abakora itohoza yashikirijwe n’intumwa y’Amerika mu kigo kirwanya ikoresha ry’ibirwanisho by’ubumara.Abagenduzi bariko baragerageza gushika mu gace ka Douma, hafi y’umugwa mukuru Damas.

Intumwa y’Ubwongereza mu kigo kigwanya ikoresha ry’ibigwanisho vy’ubumara OPCW (Organisation for the Prohibition of Chemical Weapons), yasavye ko abagenduzi bahabwa uburenganzira butagira inkomanzi bwo kuja i Douma, igisagara cyari mu minwe y’inyeshamba igihe cy’igitero cyo kw’itariki 7 Ukwezi kwa Kane, ubu gisigaye kigenzugwa n’ubutegetsi bwa Siriya be n’igisirikare cy’Uburusiya.

Avugira mu nama ya OPCW i la Haye, Peter Wilson yavuze ko “bitwengeje” kwumva Uburusiya buvuga ko Ubwongereza bwarementanije igitero kitaricyo.

Ku bindi biriko biraba:

Amerika yiteze gutangaza ibihano bishyashya mu by’ubutunzi ku Burusiya.Abashikiranganji b’imigenderanire i Buraya bahuriye i Luxembourg, bavuga ko bategeye kw’ibitero byagabwe byari bifite “intego imwe” yo kubuza ko hagira irindi koreshwa ry’ibirwanisho by’ubumara riba rikozwe na leta ya Siriya.

Inama nshingamateka z’Ubwongereza n’Ubufaransa zitezwe kugira ico zivuze ku bitero biherutse.

RELATED ARTICLES
- Advertisment -
Google search engine

Most Popular

Recent Comments