HomeInte'lUburundi n'Urwanda mu bihugu vy'umunezero muke

Uburundi n’Urwanda mu bihugu vy’umunezero muke

Ubuswise bwasubiye kuba ubwa mbere nk’igihugu c’umunezero kw’isi ku bw’icegeranyo c’iyu mwaka.

Ico gihugu c’ama chocolat , amasaha azimvye, ama banki y’abikorera ivyabo n’ibibanza vyo guserereka ku rubura (ski) ribaye irya gatatu buza kw’isonga ry’ico cegeranyo c’urugero rw’umunezero gikorwa n’ikigo Sustainable Development Solutions Network (SDSN), catangujwe ku mugambi w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Ubuswise bukurirwa hafi cane na Islande,Danemark,Norvege na Canada.

Togo, Uburundi, Benin na Syria cugarijwe n’intambara hamwe n’Urwanda biri mu vya nyuma mu kunezerwa.

Ico cegeranyo cihweje ibihugu 158 kandi kikaba gifise intumbero yo kugira ama reta hagire ico akoze kuruta.

Ico cigwa gishingira ku bipimo vya Gallup World Poll hanyuma kikaraba ibintu bitandukanye birimwo amafaranga umunyagihugu aronka ku mwaka muri rusangi, imyaka umuntu ashobora kumara afise amagara meza, urugero rw’ibiturire hamwe n’uburenganzira bwo kwishira no kwizana.

Ikigo SDSN kirimwo abantu b’abashakashatsi bo muri za kaminuza, abo mu maleta hamwe n’abo mu gisata c’abikorera ivyabo, icegeranyo caco ca mbere kikaba casohotse mu 2012.

RELATED ARTICLES

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.

- Advertisment -
Google search engine

Most Popular

Recent Comments