HomeNewsUburayi mu Nzira yo Guhagarika Amafaranga Ahabwa Abasirikare b'Uburundi

Uburayi mu Nzira yo Guhagarika Amafaranga Ahabwa Abasirikare b’Uburundi

Inzu Inama nshingamateka ya Buraya ikoreramwo
Inama nshingamateka y’umuryango w’ubumwe bwa Buraya mw’itangazo ryayo ryo kuri uno wa gatatu yemeje ko mu Burundi ubwicanyi ndengera butungane, kuboreza abantu igufa, kubafungira ubusa, kubanyuruza, kuburabuza abanyamakuru, abaharanira agateka ka zina muntu n’abatavuga rumwe na Leta biriko birarenga inkombe.

Abashingamateka ba Buraya basiguye ko bafite ubwoba bw’uko indyane za politike mu Burundi zishobora kuzohindukamo ikibazo cy’amoko.

Babivuga bishimikije “inzandiko n’amagambo y’abategetsi bamwe bamwe abiba urwanko, afatira mu kivunga abatavuga rumwe na Leta, abo mu mashyirahamwe yigenga, abamenyeshamakuru hamwe n’abatutsi nk’abanzi b’ubutegetsi bategerezwa kurimburwa.”

Abashingamateka ba Buraya basaba muri iryo tangazo ko amafaranga ahabwa abasirikare n’abapolisi bari mu bikorwa byo kugarukana amahoro n’umutekano ku rwego rwa ONU na Afrika yohagarikwa kugira Leta yikubite agashi.

Ku bwabo bashingamateka, amafaranga ahabwa abo basirikare afasha mu gushigikira no gukomeza ubutegetsi bw’Uburundi bukanikubita ku gatuza ngo ibintu bigenda neza hagati mu gihugu. Ikindi bashimangira ni uko ayo mafaranga adakoreshwa ku neza y’abanyagihugu.

Umuvugizi wa perezida Nkurunziza Jean Claude Karerwa Ndenzako yabwiye Ijwi ry’Amerika ko ubutegetsi bw’i Bujumbura budatewe ubwoba n’izo ngingo. Mu ma jambo yiwe yagize ati:” Bariho barakora akazi kabo ka misi yose, niko bama”.

Itangazo ry’Abashingamnateka ba Buraya risohotse inyuma yaho mu nama ya 31 bahoramo I Nouakchott muri Moritaniya, abakuru b’ibihugu bya Afrika bari basabye ko ibihano byafatiwe Uburundi byavanwaho.

Mu gihe Uburundi busanzwe buri mu bihano byo kutaronswa infashanyo n’umuryango w’ubumwe bwa Buraya, abashingateka ba Buraya bavuze ko bashigikiye ko ibyo bihano bihaguma. Ibyo bihano vyega kandi abategetsi bamwe bamwe bagirizwa ibyaha byo guhohotera kiremwa muntu bafatiwe imitungo bafite i Burayi bongera babuzwa guhonyozayo ikirenge.

Bimwe mu byo Leta y’Uburundi isabwa kugira itezurirwe, harimwo ugukorana n’umugwi wa ONU ujejwe gutohoza ku byaha byakozwe mu Burundi kuva mu kwezi kwa kane muri 2015, kubaha amasezerano ya Arusha, kurekura abaharanira agateka ka zina muntu bafunzwe bagirizwa guhungabanya umutekano, gutohoza vyihuse kw’inyuruzwa ry’umumenyeshamakuru Jean Bigirimana kugira ukuri kuje ahabona.

RELATED ARTICLES
- Advertisment -
Google search engine

Most Popular

Recent Comments