Abanyepolitike bo hirya no hino kw’isi biyemeje guhangana na Leta Zunze Ubumwe za Amerika mu kugumizako amasezerano na Irani ku mugambi wayo w’inguvu za nucleaire.
Mu rwandiko rwasohorewe hamwe n’ibihugu byose bigize ishirahamwe rya Buraya, byavuze ko bitazosubira gufatira ibihani Irani nk’uko Amerika yavyifuje, mu gihe yoyo yamaze kuva muri ayo masezerano.
Ibihugu by’Uburusiya n’Ubushinwa nabyo bivuga ko bishaka ko ayo masezerano agumaho.Umushikiranganji w’Ubufaransa ajejwe imigenderanire, Jean-Yves Le Drian, yavuze ko umugambi washizweko umukono utarapfa.
Yavuze ko azobonana na bagenzi biwe b’Ubwongereza, Ubudage hamwe na Irani kuwa mbere, baganire ku buryo ayo masezerano azagumiho.
Irani yamye ivuga ko umugambi wayo w’inguvu za nucleaire ugamije iterambere ry’amasoko ntanganguvu, ariko Amerika yoyo ikavuga ko intumbero ari uguhingura ibirwanisho ruhonyanganda.
