
Ubumwe bwa Burayi buriyamiriza iyirukanwa ry’ubuhagarariye muri icyo gihugu
Umuvugizi yagize ati “Ingingo yuko Bart Ouvry aba yavuye muri RD Congo mu masaha 48 ‘ntifashe na gato’.”
Umuryango w’Ubumwe bw’u Burayi wiyamirije ingingo y’igihugu cya Repubulika y’Intwaro rusangi ya Congo (RD Congo) yo kwirukana ubuserukira muri icyo gihugu, imbere y’amatora ateganijwe ku munsi wa Mungu.
Umuvugizi w’uwo muryango yavuze ati: “Ingingo yuko Bart Ouvry aba yavuye muri RD Congo mu masaha 48 ‘ntifashe na gato’.”
RD Congo ivuga ko yafashe iyo ngingo mu kwihora ku bihano byafatiwe bamwe mu bategetsi n’umukandida w’amatora w’umugambwe uri ku butegetsi, Emmanuel Ramazani Shadary.
Ibikorwa byo kwitegurira amatora byagiye birangwamo ubwicanyi n’akajagari.

Ku munsi wa Kane, abanyagihugu bashigikiye imigambwe irwanya ubutegetsi barinjiye mw’ivuriro rya Ebola mu gisagara cya Beni bonona ibintu byinshi, biyamiriza ingingo yafashwe yo kwigizayo amatora mu kwezi kwa Gatatu.
Ayandi makimbirane y’abatavuga rumwe n’ubutegetsi n’abajejwe umutekano yaradutse i Goma na Butembo mu buseruko bw’igihugu, kubera iyo mpamvu nyine.
- Imyiyerekano ishingiye ku matora yibasiye ivuriro rya Ebola muri RD Congo
- Abatavuga rumwe na reta bihereje amabarabara i Goma
Mu minsi iheze akanama kajejwe amatora kamenyesheje ko amatora mu duce twa Beni, Butembo na Yumbi, yigijweyo mu kwezi kwa Gatatu, kubera umutekano muke n’ikiza cya Ebola kimaze guhitana abantu 300.
Mu gihe uzasimbura Perezida Joseph Kabila yitezwe kurahizwa mu kwezi kwa mbere, byibonekeza ko amajwi arenga umuliyoni ashobora kudaharurwa.
Mu kiganiro na BBC, Bwana Kabila yavuze ashimika ko kwigiza inyuma amatora imibare ya nyuma byashikirijwe, ko byemewe byamewe n’amategeko.

Bwana Kabila yagize ati: “Ntusimbwe n’umutima, itegeko ryaratunganirijwe mwen’ivyo bibazo.”
Ashigikiye Bwana Shadary, yigeze kumubera umushikiranganji w’intwaro yo hagati, ahanganye n’abanyapolitike bakomeye, Martin Fayulu yakora mu gisata cya essance ikigo gicukura amavuta na Felix Tshisekedi, umuhungu w’umunyapolitike yitaby’Imana umwaka uheze atavugaga rumwe n’ubutegetsi, Etienne Tshisekedi.





