Mogherini avuga ko ibyo bishyitse mu gihe nta kumvikana guhari hagati y’impande za politike zitandukanye mu gihugu.
Atangaza ko kuba abanyagihugu badafite amakuru ku ngingo nkuru nkuru zigize ibwirizwa shingiro rihinyanyuye hamwe n’ukugeramira igikorwa cy’abamenyeshamakuru n’itangazamakuru bishobora kugira ingaruka ku mugambi werekeye referandumu.
Umuryango w’ibihugu by’i Bulayi ubabajwe kandi n’ingingo iherutse gufatwa y’uguhagarika amaradiyo Ijwi rya Amerika na BBC.
Intumwa ikomeye y’umuryango w’ibihugu by’i Bulaya, Federica Mogherini, amenyesha ko uwo muryango wifatanije n’umurwango w’ibihugu bya Afrika ku kamo wateye kuko ibwirizwa shingiro ryohinyanyurwa impande zose zerwa n’ico kibazo zibigizemwo uruhara.
Amenyesha ko uko ibintu biriho biba muri iki gihe biciye kubiri n’utwigoro abahuza bariho bashyira imbere tw’ibiganiro bya politike bihuza abarundi bose.
Utwo twigoro turiko tugirwa n’umuryango w’ibihugu vyo mu karere ko muri Afrika yo mu buseruko n’umuryango w’ibihugu vya Afrika.
Mogherini avuga ko utwo twigoro dushigikiwe bikomeye n’umuryango w’ibihugu vy’i Bulaya.
Umuryango w’ubumwe bw’i Bulaya usaba abategetsi b’igihugu c’Uburundi kwubahiriza amasezerano y’amahoro ya Arusha yagarukanye amahoro mu gihugu n’umutekano mu karere.
Umuryango w’ibihugu by’i Bulaya uvuga ko uzobandanya gukorana n’inzego mpuzamakungu, cyane cyane umuryango w’ibihugu vyvo muri Afrika yo mu buseruko, umuryango w’ibihugu vya Afrika, ishirahamwe mpuzamakungu ONU, n’ibiro bya ONU bijejwe agateka ka muntu mu Burundi.
Ijwi ry’Amerika ryagerageje kuvugana n’abategetsi ba reta y’Uburundi kugira bagire ico babivuzeko ariko ntiturashobora kubaronka.





