HomeNewsUbuhanuzi ku bayislamu burasohoye!?

Ubuhanuzi ku bayislamu burasohoye!?

Umuyobozi mukuru wa leta y’Ubudagi Angela Merkel, agiye gutegura uburyo bwosubiza mu bihugu by’amavuko impunzi zitabonye ibyangombwa.Ministiri w’intebe, Merkel ategenya guhura n’abakuru b’ibihugu ngo abashyikirize icyegeranyo cy’ingingo [16] zogufasha kwihutisha igikorwa cyo gucyura impunzi.

Muri ico cegeranyo caguye mu maboko y’ibigo vy’itangazamakuru vyo mu Budagi, bivugwa ko hazoshingwa mu gisagara ca Berlin, ikigo c’agateganyo kizoba kirakira abasubizwa mu bihugu vy’amavuko.Leta y’Ubudagi itegekanya gukoresha amahera imiliyoni €90m uno mwaka muri ico gikorwa co gutahukana impunzi.

Izahisemwo gutaha kubushake bwazo zizahabwa amafaranga menshi.

Abantu 890 000 nibo basavye ubuhungiro mu mwaka w’i 2015 igihe ibindi bihugu vya Buraya vyari vyugaye imiryango.Abanyagihugu baturuka muri Siriya nibo bagize umubare munini w’impunzi (154 000 mu 2015), bagakurikirwa n’abava mu gihugu ca Afganistani.

Abanya Siriya bakunze guhabwa ubuhungiro bitewe n’intambara ikivugwa mu gihugu cyabo.Abimukira 207 000 nibo bari barindiriye gutahukanwa mu mpera z’umwaka wa 2016, urebye umubare utangwa na leta nkuko bivugwa n’itangaza makuru rya DPA.

Abimukira 25 000 nibo bahavuye basubizwa iwabo mu mwaka uheze, mu gihe abangana nabo kabiri batashe ku gushaka kwabo.”umubare wa bimwe ubuhungiro ukomeza kwiyongera. Dukwiye gukora cyane ngo dubasubize mu bihugu impunzi,” niko umushikiranganji w’ubudage yo hagati Thomas Maiziere yavuze ku munsi wa kane.

Save

RELATED ARTICLES
- Advertisment -
Google search engine

Most Popular

Recent Comments