Perezida wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump yavuganye kuri telephone n’a perezida w’Ubushinwa Xi Jiping. Yarongeye avugana kandi n’umushikiranganji wa mbere w’Ubuyapani, Shinzo Abe, ku byerekeye ikibazo cy’ibirwanisho ruhonyanganda by’igihugu cya Koreya ya ruguru.
- Perezidansi y’Amerika ivuga ko ba Perezida Trump na Xi, bose basubiye gutangaza ko biyemeje gukura ibirwanisho ruhonyanganda mu karere ka za Koreya zombi.
- Perezida Trump yarashikirije kandi amakenga afite kuri programe y’ibirwanisho bya misile z’ubumara zirasa kure bya Koreya ya ruguru.
- Ibinyamakuru by’Ubushinwa byatangaje inkuru ivuga ko Perezida Xi yabwiye Perezida Trump ko hari ibintu byatumye imidengederanire y’ibihugu byombi iza igitotsi. Yongera kuvuga ko yizeye ko Perezida Trump azashobora kubitekerezaho neza ibibazo bijyanye na Tayiwani yisunze imigambi ngenderwaho y’Ubushinwa,akazafata umwanzuro.Avuga ko icyo igihugu cy’Ubushinwa batagicamo ibice bibiri.
- Kuva mu mwaka w’1979, Leta Zunze Ubumwe za Amerika zaremeye ingingo y’igihugu c’Ubushinwa ivuga ko Tayiwani ari intara yaco.
- Mu cyumweru gishize ariko, Leta Zunze Ubumwe z’Amerika zaremeye umugambi wo kugurisha ibirwanisho kuri Tayiwani, bifite agaciro k’amadolari y‘Abanyamerika angana n’imiliyari imwe n’imiliyoni 42.
- Perezidansi ya Amerika itangaza ko mu kiganiro PerezidaTrump yagize n’umushikirangnaji wa mbere w’Ubuyapani Abe, abo bategetsi uko ari babiri, bahuriye ku mugambi umwe wo guhimiriza igihugu cya Koreya ya ruguru kugira gihindure inzira cyafashe, ishobora kuvamwo intureka.
- Abo bategetsi baratangaje kandi ko biteguriye gufata ingingo zose zikenewe mu gihe Koreya ya ruguru, yagerageza, kuba yakoresha ibirwanisho ruhonyanganda.





