Home Economy Trump yakomeje umugambi we,yitaye kubanyamerica

Trump yakomeje umugambi we,yitaye kubanyamerica

0

byagaragaye ko Leta ya Washington yiyemeje kuva mu masezerano ya Paris Kw’ihindagurika ry’ibihe, igafata n’ingendo yo gukingira inyungu zayo mu rudandazwa.Ibindi bihugu byose bya G20 vyemeje kiretse Amerika ko amasezerano y’i Paris ntasubirwamo.Perezida Trump yaronse n’iyindi ntsinzi mu bucuruzi.

Mw’itangazo abagize umurwi G20  barangije inama, bemeranije kurwanya ingeso yo kwikururiraho no kwiyugarana ku masoko y’urudandazwa.

Ariko bemeza ko buri gihugu gishobora gufata ingingo zo kwikingira mu rudandazwa mu gihe hakoreshejwe amategeko yemewe ajanye no kwikingira mu rudandazwa.

Abihweza utuntu n’umutundi bavuga ko ayo magambo aha uburenganzira Trump bwo gukomeza umugambi wiwe wo gushira imbere inyungu z’igihugu cyiwe bise “America First”.

Translate »
Exit mobile version
Skip to toolbar