Home News Trump mu Nama yo Kurwanya Iterabwoba i Paris

Trump mu Nama yo Kurwanya Iterabwoba i Paris

0

Perezida wa Amerika Donald Trump yashyitse I Paris mu Bufaransa kuri uno musi wa kane. We na mugenzi we Prezida Emmanuel Macron bagiye kuganira ku migambi yo kugwanya iterabwoba.

Haciye umwaka Perezida Trump avuze kw’igisagara cya Paris kirimwo akajagari kenshi mumutekano wacyo kandi ko hateye ubwoba, kubera hagirigwayo ibitero by’iterabwoba. Mu misi ya vuba naho, Trump yavuze ko ibitero by’umugwi uharanira Leta ya Kiyislamu muri icyo gisagara, byagabanuye agaciro kacyo kubijyanye naho cyari kiri kurutonde rw’ibisagara byo kw’isi bigenderwamwo cyane.

Muri uyu mwaka wambere Prezida Trump na Macron bombi bashikiye kubutegetsi bw’ibihuvu vyabo, biramaze kugaragara ko bafite ibyiyumviro bitandukanye bijanye n’imigambi yo kugwanya ihindagurika ry’ibihe. Aho n’inyuma yaho Trump ashikiye kubutegetsi agakura Amerika mu masezerano y’I Paris yerekeye ugukingira ibidukikije.

Naho biri ukwo, abo bategetsi babiri barafite bimwe bimwe bahurijeho, nko kugabanya abakozi b’amaleta barongoye. Ikindi n’ukwo umutegetsi akomeye mubiro bya Prezida Trump, yavuzeko ubucuti hagati y’abo bakuru b’ibihugu buhagaze neza cyane.

Translate »
Exit mobile version
Skip to toolbar