Umushingamateka wo muri Tanzania Tundu Lissu, ari mu mugambwe utavuga rumwe n’ubutegetsi, kandi azwi cyane ko avuga atarya umunwa ku buryo byari bimaze kumuteranya n’ubutegetsi, yakomeretse arashwe.
Bwana Lissu, asanzwe ari umukuru w’urunani rw’abashingwamanza muri Tanzania, yigeze gutabwa muri yompi aregwa gutera umudurumbanyo mu gihugu, kuko yise umukuru w’igihugu umunyagikenye.
Mu kwezi kwa Nyakanga umwaka ushize, yagirije perezida Magufuri gushyira ‘icyuka cy’ubwoba mu gihugu no kubaza ubutegetsi bushingiye ku ka mwana wa mama, na mpinga yanjye.
Mu kwezi gushize naho bwana Lissu yafashwe n’igipolisi aregwa ko yemeje ko afite ibimenyetso bigaragaza ko indege yaheruka kugurwa yo mu bwoko bwa Bombardier Q400, ariko itari bwashikanwe muri Tanzania, yafatiriwe muri Canada kubera Tanzania yananiwe kuriha ikigo Stirling Civil Engineering, indishi ya miriyoni 38.7 z’ama dorari ya Amerika.
