Umurwi nyobozi w’umugambwe ANC uri ku butegetsi muri Afrika y’epfo byitezwe ko usaba Prezida Jacob Zuma gutanga imihoho ni wahura uno munsi.
Ku munsi wa Mungu uwurongoye umugambwe, Cyril Ramaphosa, yasabye Bwana Zuma gukinjura ku gushaka kwiwe cangwa agakurwa ku nguvu n’umurwi nyobozi w’umugambwe.
Natubahiriza ibyasabwe, hazoca hatunganywa amatora y’inama nshingamateka yo kumukurako icyizere.No confidence.
Uwo mukuru w’igihugu yagirizwa amakosa menshi ashingiye kuri ruswa,, ngo yaba amaze iminsi yisabira ukuntu yatanga ubutegetsi neza.
