Mw’ijambo ashikirije ku mboneshakure y’igihugu ZBC, Prezida Robert Mugabe yanse gutanga imihoho anavuga ko ari na we azorongora ikoraniro kaminuza ry’umugambwe Zanu-PF uri ku butegetsi ritegekanijwe mu kwezi kwa 12.
Mugabe avuze ko yumvise ibibazo vyashikirijwe n’abasirikare mu nama bagiranye, vyatumye bamuhagarika ku butegetsi.
Yavuze ko ivyo bakoze “vyatewe n’ibibazo vy’ingene igihugu gitwawe no mu mugambwe uri ku butegetsi wa Zanu-PF”.
Zimbabwe: abantu ibihumbi n’ibihumbi bari mu munezero wo gusezerera intwaro ya Mugabe
Mugabe yavuze kandi ko Zimbabwe igikeneye “gusubira mu buzima busanzwe”.
Prezida Mugabe yashikirije ijambo akikujwe n’abakuru mu gisirikare hamwe n’abamaze imisi babumvikanisha kuva igisirikare cigaruriye ubutegetsi, harimwo n’umupadiri w’umukatolika Fidelis Mukonori.
Muri Zimbabwe baracaganira kw’itanga ry’imihoho kwa Mugabe
Prezida Mugabe yavuze ko azorongora ikoraniro kaminuza ry’umugambwe Zanu-PF uri ku butegetsi itegekanijwe mu kwezi ca cumi na kabiri.
Yarangije ijambo ryiwe adatanze imihoho nk’uko benshi bari babirindiriye.
Prezida Mugabe yavuze ko azorongora ikoraniro kaminuza ry’umugambwe Zanu-PF uri ku butegetsi itegekanijwe mu kwezi kwa cumi na kabiri.