Urwego rw’urukiko rwikirenga rukuru rw’umuryango wa Afrika y’ubuseruko rwategetse ko urubanza rwerekeye ikiringo cya gatatu cy’umukuru w’igihugu cy’u Burundi Petero Nkurunziza rusubirwamo rwose. Ni mugihe urukiko rwa mbere rwari rwavuze ko nta bubasha bufite bwo gusubiramo ingingo yurukiko rujejwe ibwirizwa shingiro ry’Uburundi rwahaye uruhushya Perezida Nkurunziza rwo kwitoza mu mwaka w’2015.
Umucamanza wo mu bujurire murukiko rukuru rw’umuryango wa Afrika y’ubuseruko yasomye urubanza yagize ati : « Mu bubasha duhabwa n’amategeko, dutegetse ko urukiko rusubiramo urubanza rwose guhera mu mizi ».
Yongeye ati : « Habwirizwa gusuzumwa neza ko urukiko rwubahiriza ibwirizwa shingiro mu Burundi yahonyanze cyangwa itahonyanze amategeko agenga umuryango wa Afrika y’ubuseruko mu guha uburenganzira umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza bwo kwitoza mu mwaka w’2015».
Intango ya byose ni urubanza rwashingishijwe mu mwaka w’2015, imbere yuko amatora aba mu Burundi. Hitwaye amashirahamwe yigenga abicishije mu runani rwayo mu karere, East African Civil Society Organisation’s Forum n’ayandi nk’urunani rw’abashingwamanza muri Afrika, Union Panafricaine des Avocats.
Yatanze ibirego murukiko rukuru y’umuryango wa Afrika y’ubuseruko avuga ko ukwitoza kw’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza kutisunze amategeko.
Mu rubanza rwa mbere, rw’urukiko rwibanze yavuze ko nta bubasha rufite bwo gusubiramo ingingo zafashwe n’urukiko rwa mbere mu gihugu urukiko rw’Uburundi rwubahiriza ibwirizwa shingiro. Icyo ni cyo cyatumye bajurira urubanza murukiko rw’ikirenga.
Uruhande rw’abitwaye barashima ingingo yasomwe. Naho atariho yari, Maitre Dieudonne Bashirahishize, yavuganye n’Ijwi ry’Amerika ku buhinga bw’ingurukanabumenyi.
N’uruhande ruserukira reta siho rwari. Yamara Ijwi ry’Amerika ryakuye Maitre Nestor Kayobera aburanira leta y’Uburundi muri urwo rubanza. Kayobera, yatwengejwe n’iyo ngingo. Ati isanze n’ibwirizwa nshingiro Perezida Petero Nkurunziza yagirizwa ko yarenze, ryarahindutse.Umumenyeshamakuru w’Ijwi ry’Amerika i Arusha muri Tanzaniya, Claver Niyonkuru yarukurikiranye.





