Home News Perezida Trump Yakeje Putin ku Ntsinzi

Perezida Trump Yakeje Putin ku Ntsinzi

0

Abategetsi bakora muri Perezidanse y’Amerika bemeje amakuru avuga ko Perezida Donald Trump yavuganye kuri telephone na Prezida w’Uburusiya, Vladimir Putin, aherutse gusubira gutorwa. Amakuru yatangajwe na leta y’Uburusiya yemeza ko Trump yakeje Putin ku ntsinzi yiwe.

Abo bategetsi bombi bayaze ku kamaro ko gukorera hamwe ku bibazo nkoramutima birimo kurwanya iterabwoba mu makungu, kugabanya ibirwanisho ruhonyanganda hamwe no gukorera hamwe mu byerekeye ubutunzi.

Abategetsi b’Uburusiya batangaje iyo nkuru, bavuga ko abaperezida bombi bayaze kandi ku bibazo byo mu gihugu cya Siriya hamwe no muri Ukraine.

Putin yatsinze amatora yo kubandanya gutwara igihugu c’Uburusiya ku ncuro igira kane ku musi wa mungu. Yaronse amajwi angana n’ibice 77%.

Nyuma gatoyi y’aho intsinzi ya Putin itangarijwe, abategetsi bakora muri perezidanse ya Amerika bari bavuze ko iyo ntsinzi idatangaje, bongera bavuga ko nta mugambi Trump yari afite wo kumukeza.

Translate »
Exit mobile version
Skip to toolbar