Perezida wa leta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, yagendeye inyubakwa ndangamuco n’amateka y’abirabure bo muri Amerika, mu gisagara cya Washington DC.
Perezida Trump yasomye amazina y’abantu bagize uruhara rukomeye cyane mu mateka y’Abirabure bo muri Amerika. Yavuze kw’iyo nyubakwa itera iteka intwari zitari nke z’Abanyamerika. Yemeye gukora ibishoboka byose kugira abandanye umuhango w’ubwigenge bw’abirabure bo muri Amerika n’abanyamerika bose muri rusangi.
Urugendo rwa Perezida Trump, mu nyubakwa ndangamico n’amateka y’abirabure rubaye muri uku kwezi kwa kabiri kwahariwe guhimbaza amateka yabo.
Perezida Trump, yatangaje kw’urugamba rw’uburinganire hagati y’ubwoko butandukanye mu gihugu byibonekeza mu nyubakwa yasuye, byibutsa impamvu Amerika itegerezwa kurwanya ukutihanganira abandi, n’urwango mu buryo bwose byibonekezamwo.
Yiyamirije igabishwa ry’ibitero mu bibanza by’Abayahudi riherutse kugirwa muri Amerika. Yavuze kw’ibyo ari ibintu bigayitse cyane kandi biteye agahinda.





