Tanzaniya Yaba Yimirije Guhagarika Gufasha Impunzi?
Umukuru w’igihugu cya Tanzaniya John Magufuli, yatangaje ko igihugu cyiwe gitegenya kuvavanura n’umugambi wa ONU washizweho ugamije gufasha impunzi guhangana n’ukumenyera ubuzima mu bihugu biba byabakiriye.
Perezida Magufuli kuri uno wa gatanu, yasiguriye aba diplomate bari kumwe i Dar es Salaam mu birori byo kwipfurizanya umwaka mwiza, ko kuvavanura n’uwo mugambi bitewe n’ibibazo by’umutekano muke n’uburyo buke.
Impunzi zigwiriye muri Tanzaniya, ni impunzi z’Abarundi n’Abakongomani.Igisata cya ONU cyitaho impunzi kw’isi HCR, kivuga ko Abarundi barenga ibihumbi 250 aribo bahungiye muri Tanzaniya kuva muri 2015.
Mu mwaka uheze, igihugu cya Tanzaniya cyari cyabaye kirahagarika guha ubwenegihugu impunzi z’Abarundi no kwakira bashasha. Ingingo yari yatewe ibyatsi n’amashirahamwe atari make aharanira agateka ka zina muntu.





