Umushikiranganji w’ubutungane w’u Rwanda yashikirije urwandiko rw’impapuro zibiri igisata cya ONU kiri i Arusha cyasubiriye urukiko mpuzamakungu TPIR yacira imanza abakoze ihonyabwoko muri 94.
Umushikiranganji Johnson Busingye yabwiye icyo gisata ko igihugu cyiwe ciyamirije cyivuye inyuma irekurwa ry’abagirizwa ibyaha by’ihonyabwoko, baba abarangije ibihano bakatiwe cangwa bamaze kurangiza 2 bya 3 by’ibifungo.
Yavuze ko iyo barekuwe babandanya umugambi wo guhungabanya umutekano w’igihugu.None akaba yifuza ko babaheza mu nzu y’imbohe.
Busingye yamenyesheje ko u Rwanda rwaronse amakuru ko n’abamaze kurekurwa ubu bakiri i Arusha, ko bafite umugambi mubi. Abo ni abagabo 11 barangije ibihano canke bagizwe abere.
Ijwi ry’Amerika ryabajije umushikiranganji w’ubutungane akaba n’intumwa nkuru ya Leta ko ibyo bitohava bifatwa nk’uko u Rwanda rudashyigikiye ubutungane. Igisata cya ONU nticyatomoye neza ko irekurwa ry’abarangije ibihano cangwa bamaze gukwiza 2 bya 3 by’igifungo ko rigiye guhagarara cangwa ko rizobandanya.
Gusa Ousmane Njikam avugira ico gisata yavuze ko urwo rwandiko rugiye gushyikirizwa abo bireba. Urazi neza ko ikibazo cyerekeye irekurwa ry’abanyororo kubera bakwije 2/3 by’igifungo cyabo ari ikibazo cy’ubutungane. Jyewe ntabubasha mfite bwo kugira icyo mvuze ku ngingo z’urukiko.
Ariko ibyo umushikiranganji w’ubutungane w’u Rwanda yashyikirije biratomoye kandi yabyanditse, yabiduhaye. Natwe tugiye kubishyikiriza mu nzego z’ubutungane n’abandi bategetsi bireba. Nibo bazomenya icyo bazabikoraho.
Urugendo rwa Busingye rubaye mu gihe, hari abagabo 3 bafunzwe bagirizwa ibyaha by’ihonyabwoko, bamaze gusaba ko barekurwa.
Uwa vuba ni Simba Aloys, w’imyaka 80 yari kw’ipete rya Colonel, yakatiwe gufungwa imyaka 25, ubu afungiwe muri Benin. Yagiriwe no kuba yaragize uruhara rukomeye mw’iyicwa ry’abatutsi i Butare no muri Gikongoro ubu ni mu ntara y’amaj’epfo no mu ntara y’Uburengerazuba.
Icyo gisata cya ONU cari casavye u Rwanda ko rwemera cyangwa rugahakana ibyo yasabye ko yorekurwa, kuko mu kwezi kw’7 uyu mwaka w’2018 azaba akwije bibiri bya bitatu (2/3) by’igihano yakatiwe.






