Home News Melania Trump Araye Ijoro Ryiwe rya Mbere muri Afurika

Melania Trump Araye Ijoro Ryiwe rya Mbere muri Afurika

0

Umufasha wa perezida wa Amerika, Melania Trump, ari mu rugendo rwiwe rwa mbere yikoranye atari kumwe n’umushingantahe wiwe kuva aho agiriye ku butegetsi.

Melania Trump ariko agendera Ghana, Malawi, Kenya, na Misiri.

Agishika muri Ghana mu gatondoi k’uno wa kabiri, yagendera ibitaro bikuru vy’akarere k’umurwa mukuru Accra, aho bamweretse uko inzoya zipimwa ibiro mu dufuko tumanits, n’ingene bahabwa ingaburo n’imiti.

Aha Melania yariko aronsa utuganuke tugizwe n’ibikinsiho vy’abana hamwe n’uburengeti vyarungitswe n’ibiro vy’umukuru w’igihugu

Melania Trump yagiye kandi ku kirimba c’umukuru w’igihugu muri Afurika, aho yabonanye n’umutambukanyi w’umukuru w’igihugu ca Ghana, Rebecca Akufo-Addo.

Urugendo rwiwe azorubandaniriza muri Malawi, hama yerekeze muri Kenya imbere yo gusozerera muri Misiri

 

Translate »
Exit mobile version
Skip to toolbar