HomeEconomy'Kuva mu 2022' hazokoreshwa imodoka itagira umudereva muri Singapour

‘Kuva mu 2022’ hazokoreshwa imodoka itagira umudereva muri Singapour

Igihugu cya Singapour giteganya gutangira gukoresha imodoka zitwara abantu zitagira umudereva kuva mu 2022.

Leta ivuga ko izo modoka zizajya zica mu turere dutatu turimwo amabarabara ata ruja n’uruza rwinshi ruharangwa, agenewe kugendeshwamwo ayo mabisi gusa.

Izo modoka zizatwara abantu zizafasha kunguruza abantu mu micungararo y’aho baba, hamwe na hagufi y’ahaca amagariyamoshi hamwe n’ibituro by’amabisi.

Singapour ifite igitigiri kinini c’abantu yizeye ko ubwo buhinga bwo kudakoresha umudereva buzofasha icyo gihugu mu bibazo vy’ubutaka hamwe n’amikoro make y’abantu.

“Imodoka zigendesha zizofasha bikomeye abantu mu buryo bwo kwiyunguruza bitagoranye, na cane cane ku bageze muza bukuru, imiryango ifise abana bakiri bato hamwe n’abagendana ubumuga,” uko ni ko umushikiranganji ajejwe gutwara abantu n’ibintu Khaw Wan yavuze.

Izo modoka zitagira umudereva zizoba zije kwunganira izari zihasanzwe, kandi zizokora ahanini mu masaha ata ruja n’uruza rwinshi ruhari.

Nta rutavanako rw’imodoka rurangwa muri Singapour ugereranije n’ibindi bisagara vyo mu bumanuko bwa Asia, kubera ukwiyongera kw’amabarabara hamwe na politike yo guteza imbere uburyo bwo kwunguruza abantu.

Ico gihugu kandi cizeye gufata iya mbere mu gukoreshwa ubuhinga bwo kwunguruza abantu mu modoka zitagira umudereva.

RELATED ARTICLES
- Advertisment -
Google search engine

Most Popular

Recent Comments