HomeGreat LakesKongo: Babiri Baguye mu Myiyerekano yo Kwiyamiriza Kabila

Kongo: Babiri Baguye mu Myiyerekano yo Kwiyamiriza Kabila

Polisi ya Kongo iriko iburizamwo Imyiyerekano

Abantu Babiri nibo Bamaze kumenyekana ko baguye mu myiyerekano yatunganijwe n’Abakatolika igamije kwiyamiriza ukuguma ku butegetsi kwa Perezida wa Kongo Jospeh Kabila.

 

Amakuru atangwa n’ibitaro vyajanywemwo abakomerekeye muri iyo myiyerekano yemeza ko kuva sa moya z’igitondo, abaganga bari bamaze kwakira abakomerekejwe n’amasasu ya Polisi batatu.

Imyiyerekano yo kuri uno wa Mungu, yari yatumweko n’urunani ruhurikiyemwo amashirahamwe agwiriyemwo Abakatolika bize, yabaye mu bisagara bitandukanye harimwo ibikomakomeye nka Kinshasa na Kisangani.

Abari muri yo, bavuga ko Perezida kabila ategerezwa gukinjura kuko manda zibiri yararekuriwe n’amategeko zaheze mu mwaka wa 2016.

Amatora muri Kongo, ategekanijwe kw’itariki ya 23 z’ukwezi kwa cumi na kabiri uno mwaka. Gushyika ubu, Perezida Kabila ntaravuga nimba azosubira kwitoza canke atazitoza.

RELATED ARTICLES
- Advertisment -
Google search engine

Most Popular

Recent Comments