Abaserukira ibihugu 20 bitunze kurusha ibindi kw’isi aho bakoraniye mu nama mu muji wa Humburg mu Budage, basohoye itangazo rirangiza ibiganiro ariko ntibaryumvikanyeho.
Abari mu nama ya G20 ihuza abaserukira ibihugu 20 bitunze kurusha ibindi kw’isi ibera mu Budage, bayirangaje badashoboye kwumvikana ku kibazo cy’ihindagurika ry’ibihe.
Abatunganije iyo nama bavuga ko ibiganiro n’ubu bikibandanya, aho cyane cyane byabananiye kwumvikana kw’ikoreshwa ry’amasoko ntanganguvu aturuka ku mavuta ya peteroli.
Ariko abo bategetsi bashoboye kwumvikana ku bijyanye n’urudandazwa, aho ibihugu byose byemeje ko bizarwanya ingendo yo kwiyugarana no kwihugiraho amasoko y’abaguzi.
Ku munsi wa gatanu, umukuru wa leta y’Ubudagi Angela Merkel yakiriye iyo nama yariyemereye ubwiwe ko ibyo biganiro byagiyemwo ingorane.
Imyiyerekano yo kwiyamiriza itunganywa ry’ubutunzi bw’ibihugu bufatiye ku guhiganirwa ku masoko hatitaweho gushyira imbere abekene (capitalisme) yarakomeje aho hari n’abayikomerekeyemwo.