HomeNewsIrani Yerekeje Amaso ku Bihugu by'Uburayi na Aziya

Irani Yerekeje Amaso ku Bihugu by’Uburayi na Aziya

Igihugu cya Irani kerekeje amaso mu bihugu byo mu Burayi na Aziya kugira ngo kirebe ko cyokiza amasezerano ku bya Nikleyeli. Ni inyuma y’aho Leta zunze ubumwe z’Amerika ivavanuye n’ayo masezerano. Ni nyuma kandi hari uruhagarara rw’uko hashobora kwaduka intambara muri ako karere kuva Isirayeli itereye ibisasu ku ngabo za Irani muri Siriya.

Umushikiranganji wa Irani ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Mohammed Javad Zarif azatangira ku musi wa gatandatu ingendo za kidipolomasiya zizomushikana i Pékin, Moscou n’i Buruseli, kuganira kuri ayo masezerano ya nikleyeli ashyigikiwe n’ibindi bihugu aribyo Ubufaransa, Uburusiya, Ubushinwa, Ubwongereza hamwe n’Ubudagi.

Igihugu cya Irani gisa n’uko kigomba kwirinda intambara na Isirayeli, igihugu cyanezerejwe n’uko Leta zunze ubumwe z’Amerika kivavanuye n’ayo masezerano.

Irani ishigikiye Leta ya Siriya mu ntambara yo kurwanya abatavugarumwe na Leta hamwe n’umuhari w’iterabwoba wa Leta ya Kiyisilamu. Isirayeli ivuga ko itazareka Irani ikoreshe ubutaka bwa Siriya kugira ngo iterwe.

RELATED ARTICLES
- Advertisment -
Google search engine

Most Popular

Recent Comments