Inzovu imwe izwi kw’izina rya Morgan yarashoboye kujabuka urubibe irinjira mu gihugu cya Somalia muri uku kwezi, bukaba bwabaye ubwa mbere iyo nzovu iboneka muri ico gihugu haraheze imyaka 20.
Iyo nzovu Morgan ifise imyaka 30, yashizweko icuma gituma bayikurikirana mu kwezi kwa cumi na kabiri mu karere ka Tana River, ku nkengera y’igihugu cya Kenya, hagati na hagati mu kwezi kwa kabiri imbere yo gutangura kuza iragenda ahantu hatitezwe ishaka kuja muri Somalia, aho yashitse ku rubibe inyuma y’ibyumweru bitatu.
Urugendo rwayo rwaratanganje abakozi bo mu bidukikije, bavuga ko ibyo byerekana ko iyo nzovu yibuka inzira za cyera inyuma y’imyaka myinshi ivuye mu gihugu ca Somalia kubera intambara.
Urugendo rwa Morgan ni ikimenyetsi ntahinyuzwa ko urubibe rwa kenya na Somalia, utanguye kuba nyabagendwa mu vyo umutekano, kandi ko mu gihe hogaruka amahoro mu bumanuko bwa Somalia, inzovu ubu ziri mu buhungiro zizosubira muhira.
Yabandanije uko imisi cumi n’umunani
