HomeNewsImpamvu ingana ururo,umuryango EAC ushobora gusenyuka

Impamvu ingana ururo,umuryango EAC ushobora gusenyuka

EAC: Abashingamateka b’abarundi ntibashigikiye Martin Ngoga

Abashingamateka b’abarundi bo mu nama nshingamateka y’akarere k’ubuseruko bwa Afrika bashize umukono ku rwandiko rwiyamiriza itorwa ry’umushingamateka Mirtin Ngoga nk’umukuru w’urwo rwego bavuga ko amategeko atubahirijwe.

Abo bashingamateka bari kumwe n’abo mu gihugu ca Tanzaniya bavuga ko mu kugena uwurongora urwo rwego badatora, ahubwo ko harabwa igihugu kiramukiwe kuja muri icyo kibanza.

Muri iryo tangazo ryashizweko umukono n’abashingamateka bose b’abarundi bo mu migambwe itandukanye bari mu nama nshingamateka y’akarere k’ubuseruko bwa Afrika, batangiye bamenyesha ko haheze amezi arindwi ibikorwa bitaratangira kuko bari barindiriye abashingamateka bo mu gihugu cya Kenya kugira ibitigiri bisabwa n’amategeko bikwire.

Binubiye ingene amatora y’uwurongoye urwo rwego yaraye akozwe, bavuga ko ugukurakuranwa kw’ibihugu bigize iryo shirahamwe mu kurongora inama nshingaateka y’aryo ata ho bisa bisana no guhiganwa.

Abo bashingamateka ko ari umunani babandanya bavuga ko bari bashikirije urwandiko uwujejwe amategeko muri iyo nama nshingamateka, berekana amakenga yerekeye uwugiye kurongora urwo rwego, ariko ko ata nyishu bigeze baronka.

Babandanya bavuga ko kuri uyu wa kabiri, uwujejwe amategeko muri iyo nama nshingamateka yokoresheje amatora abarundi n’abatanzaniya basohotse, bakavuga ko yarenze kw’itegeko rya 53.1 rivuga ko ibihugu bigenda birakurakuranwa ku buyobozi ariko bidahiganwa.

Ngo n’akanama kajejwe kumuhanura karamubwiye ko amatora ataba igitigiri kidakwiye, ariko ngo abirengaho abibona.

Kubera ibyo byose rero, abo bashingamateka b’abarundi ngo babona ko amategeko agenga ishirahamwe ry’ibihugu bigize akarere ko mu buseruko bwa Afrika yahonyanzwe mu gutora umukuru w’inama nshingamateka ibindi bihugu bisangiye iryo shirahamwe bidahari, ko rero ayo matora ata gaciro bayaha.

Barangiza basaba ko amategeko yokwubahirizwa ku neza y’iryo shirahamwe ivyo bihugu vyose bisangiye.

Ibihugu byitavye ayo matora ni Urwanda rukomokamwo uwatowe Martin Ngoga, Uganda, Kenya hamwe na Sudani y’epfo.

 

RELATED ARTICLES
- Advertisment -
Google search engine

Most Popular

Recent Comments