HomeNewsImbago za Israel zikomeje kwaguka,imisozi ya Golan yasubijwe igihugu cya Israel

Imbago za Israel zikomeje kwaguka,imisozi ya Golan yasubijwe igihugu cya Israel

Trump Yemeje ko Imisozi ya Golan Yegukiye Isirayeli, Perezida wa Leta zunze ubumwe za Amerika n’umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli Benjamin Netanyahu, muri Amerika

Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli Benjamin Netanyahu, yaraye atashye atarangije urugendo rwe,yagiriye i Washington muri Leta zunze ubumwe za Amerika nyuma y’aho igisasu cya roketi giterewe mu gihugu cyiwe kivuye muri Gaza. Netanyahu ejo kuwa mbere yatahukanye impano yahawe na perezida Donald Trump ishobora kuzomufasha mu matora.

Perezida yateye umukono ku rwandiko rwemeza ko imisozi ya Golan yegukiye Isirayeli.Netanyahu yashikirije ko ico cemezo Trump yafashe gihinduye intinzi ya gisirikare ku ntsinzi ya kidipolomasiya.

Siriya yagiriza icyemezo cya Trump ku misozi ya Golan ko ari igitero ku bwigenge bwabo.Isirayeli yafashe ako karere ko mu buraruko bushyira ubuseruko ikatse Siriya mu ntambara yamaze imisi itandatu mu mwaka w’1967 komekwa kuri Isirayeli mu 1981.

Icemezo cafashwe na Trump gikuyeho politike y’igihe kirekire ya Reta zunze ubumwe za Amerika n’amakungu, yemeza ko imisozi ya Golan yanyazwe na Isirayeli.

RELATED ARTICLES
- Advertisment -
Google search engine

Most Popular

Recent Comments