Home Justice Igitero cahitanye 11 mu buraruko bwa Kenya

Igitero cahitanye 11 mu buraruko bwa Kenya

0

Abapfuye bikekwa ko bari abakozi bo mu kibanza gicukurwamwo amabuye mu karere ka Mandera.

Ababa aho mu gace ka Mandera babwiye BBC ko bumvise ibintu 2 biturika, bigakurikirwa n’urwamo rw’amasasu, nk’isaha indwi n’ijoro.

Hafi y’ahabereye ico gitero, nko ku metero 300, hasanzwe hari ikambi y’igisirikare.

Nta murwi n’umwe uriyitirira ico gitero.

Ariko ibigo vy’itangazamakuru vya Kenya bikeka ko ari umurwi Al shabab woba wagavye ico gitero uturutse hanze y’urubibe.

Igitero nk’ico cagabwe mu kwa 12 umwaka uheze cahitanye abantu barenga 36 aho mu karere ka Mandera nyene.

NO COMMENTS

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.

Translate »
Exit mobile version
Skip to toolbar