Amakuru ava mu gihugu cya Zimbabwe amenyesha ko abashikiranganji bo kwivuna abansi hamwe n’ab’umutekano bo mu karere ka Afrika Yepfo bateganya guhura na Robert Mugabe hamwe na bayobozi b’igisirikare bafungiye umukuru w’igihugu mu nzu.
Urwo ruhagarara ruri muri Zimbabwe ruriko rurihwezwa mu gihugu kibanyi ca Botswana, mu nama y’ibihugu vyo mu muryango SADC.
Igisirikare nicyo kigenzura Zimbabwe kuva ku munsi wa gatatu mu byikekwa ko cyaba cyashakaga guhagarika Grace Mugabe, ntafate ubutegetsi.
Abazi utuntu n’utundi biteze ko icegera cy’umukuru w’igihugu aheruka gukurwa kumwanya we, Emerson Mnangagwa, ashobora guhita agaruka agafata ubutegetsi.
Ariko umugambwe utavuga rumwe n’ubutegetsi MDC umaze gutangaza ko kizigenza wawo, Morgan Tsvangirai (yariko aravugwa cancer inyuma y’igihugu) amaze kugaruka i Harare — hagashobora gufundikwa amasezerano ya politike.
(Bivugwa ko hari umupadiri wa Ekleziya Gatolika yaba ari mu biganiro byo kurondera ko Bwana Mugabe yokura meza.)
