Mu duce dutandukanye tw’i Burayi ngo hari ubushyuhe bwinshi butari bwaboneke bushyika ku bipimo bya 44C, ibyo bikaba byatumye ibihugu bimwe na bimwe biburira abenegihugu babyo.
Ubwo bushyuhe ngo bwatumye haduka imiriro yo mu mashyamba, ibisagara bibarirwa mu mirongo bikaba byagabishijwe by’umwihariko n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu.
Ubwo bushyuhe ngo bwatumye uturere tumwe na tumwe twadukamo na mapfa akomeye.
Iryo gabisha ryatanzwe mu duce twa Burayi aho ibipimo bigeze ku rugero ruteye amakenga.Ubutaliyani n’akarere ka Balkans niho hageramiwe kurusha, ariko no mu gihugu cya Pologne ibipimo bihari ntibyari bwaboneke.
Biremezwa ko abantu babiri ngo nibo bapfuye – umwe muri Roumanie, uwundi muri Pologne – abandi benshi batwawe mu bitaro kubera ubwo bushuhe, niko itororokanirizo ry’amakuru Reuters ryavuze.
Ubutaliyano bufise ibipimo 10C ku bipimo bisanzwe vyahorana muri uno mwaka.Abanyagihugu basabwe gukurikiza akamo katewe n’ubutegetsi, basabwa kuguma mu nzu no kunywa amazi menshi.
