Iryo sanganya ryaratunguye benshi muri Amerika, bituma abantu batangura gukurikirana icyo abasirikare babo bakora muri ako gace ka Afrika y’uburengero.
Icyo gihugu cya mbere gikomeye kw’isi gifise abasirikare 200000 bakwiragijwe mu bihugu 180 n’uturere kw’isi.
Ariko hari ibihugu indwi gusa, aho inteko za Amerika usanga ziri mu bikorwa bya gisirikare zisabwamo gukoresha inguvu, mu makuru leta ya Trump yarungikiye ino ndwi inama nshingamateka na nkenguzamateka. ‘
BBC irababwira ibihugu inteko za Amerika ziherutse gukoreramwo ibikorwa vya gisirikare, n’ingene byagenze.
1.- Afuganistani
Amerika ifise abasirikare 13329 muri Afuganistani bagwanya abatalibani na al Qaeda, inyuma y’igitero cyo kuwa 11, Ukwezi kw’icenda mu 2001 i Washington n’i New York, iyo ikaba ariyo ndwano ya mbere imaze igihe kirekire Amerika idwanamwo.
“Inteko za Amerika zagumye muri Afuganistani kugira ngo zifashe guhagarika imigumuko yokwaduka mu turere dutekanye, guhagarika ibitero vy’imigwi y’iterabwoba yorondera gutera ahari inyungu za Amerika, gufasha leta ya Afuganistani n’igisirikare cyayo igihe gihangana n’abatalibani no gushigikira utwigoro twa politike yatuma igihugu kigarukamwo amahoro arama,” niko icyo cyegeranyo kivuga.
2.- Iraki
Inteko za Amerika zigwana na leta y’iki Islamu (IS) muri Iraki, zigafasha gukomeza uturere tumaze kwamburwa abarwanyi ba IS.
Muri Iraki, abasirikare ba Amerika bafasha kugumya uturere twavuye mu minwe y’abagwanyi ba IS. Ku bw’icyegeranyo cya leta ya Trump, inteko za Amerika ziri muri Iraki ziguma zisuka ibibombe uduce tukirimwo abagwanyi ba IS, bagifise ububasha bwo kugaba ibitero ku banyagihugu no kudurumbanya umutekano mu karere.
3.- Syria
Mu 2017, inteko z’urunani rwa gisirikare rurongowe na Amerika zarashoboye “kubohoza imiliyoni 4.5 z’abanyagihugu bari bagizwe imbohe na IS,” umugwi w’intagondwa ugenzura ibice 98% vy’ubutaka muri Iraki na Syria.
Kugaba ibitero ku nyungu za IS biri mu bikorwa bya mbere by’abasirikare ba Amerika muri Syria. Muri icyo gihugu cya nyuma, hari abasirikare 1500 ba Amerika bafasha abagwanyi b’umugwi “Syrian Democratic Forces” (SDF) bagwana ngo bagenzure ikiyaya ca hagati c’uruzi Euphrates.
“Ibikogwa vya gisirikare vya Amerika bigizwe no gutera ibibombe, guhanura mu vya gisirikare hamwe no gukurikirana ingwano yo hasi, co kimwe no gutanga ikarishabwenge n’ibigwanisho kuri iyo migwi,” niko icegeranyo kivuga.
4. Yemeni
Inteko za Amerika zaragavye ibitero ku bagwanyi ba IS muri Yemeni, zongera zihangana na al Qaeda.
Mu cyegeranyo cyarungikiwe inama nshingamateka na nkenguzamateka, leta ya Trump ivuga ko itanga imfashanyo ibayabaye ku runani rurongowe na Arabie Séoudite rugwanya inyeshamba z’aba Houthi n’abadwanyi bayoboka Prezida wa kera Ali Abdullah Saleh.
Ukwo gufasha kugizwe no guhererekana amakuru ku vy’iperereza, gutanga ibigwanisho n’izindi mfashanyo ku bihugu bigize urunani.Muri izo mfashanyo, abasirikare ba Amerika ntibajya mu ndwano.
5.- Somalia
Amerika ifise abasirikare 300 muri Somalia, bafise igikogwa cyo guhagarika ibikogwa vy’iterabwoba bya IS na Al Shabab, icuditse na al Qaeda.
Inteko za Amerika zarabonye amakuba muri Somalia mu 1993 Muri icyo gihugu, Amerika yaragize amakuba mu 1993, igihe abasirikare b’icyo gihugu bagiriye mu gitero cyo gufata umusirikare Mohammed Farah Aideed.
Icyo gitero nticyagenze nkuko byibazwa, kimara umwanya muremure cyane, kigwamwo abasirikare ba Amerika 18, abarenga 70 barakomereka, kajugujugu zibiri ziratibugwa.
Muri kino gihe, abasirikare ba Amerika barahanura, bagaherekeza inteko zo mu karere zirimwo iza Amisom iyo zigiye guhagarika ibitero by’iterabwoba.
6.- Libya
Abasirikare ba Amerika bari mu gihugu cya Libiya bari ku rushi, ariko ntibisigura ko ari nako bakora ibiri ku rushi.
Kuva ku mato atwara indege ari muri Méditerranée, Amerika yaragavye ibitero kuri Syria, Iraki na Libiya Ku bw’icyo cyegeranyo, izo nteko za Amerika ziragaba ibitero bya bombe nko ku bagwanyi ba IS bari muri icyo gihugu, no ku makambi bavuyemwo.
Byinshi muri ibyo bitero bikogwa hakoreshejwe “drones” zigaba ibitero zivuye inyuma y’urubibe rw’icyo gihugu.
7.- Niger
Amerika ifise abasirikare 500 muri Niger.
Nta muntu yarazi ko Amerika irangurira ibikorwa bya gisirikare muri Niger, ibyo byagiye kumenyekana mu kwezi kwa 10 mu 2017, igihe abasirikare bane biciwe mu mutego w’abagwanyi bacuditse na IS.
Ku bw’ikinyamakuru New York Times, hagati y’i 2015 n’i 2017 abasirikare ba Amerika baragize uruhara incuro 10 mu makimbirane yo muri ako karere.
Icyegeranyo cya leta ya Trump kivuga ko ibikorwa by’igisirikare cya Amerika muri Niger ari gutanga ikarishabwenge, guhanura no gufasha inteko za Niger ariko ko zishobora kwivuna umwansi iyo zitewe.





