Hubert Vedrine, yahoze ari umushikiranganji w’imigenderanire w’Ubufaransa, ariyama abagiriza uruhare muri jenoside yo mu Rwanda mu 1994, uwahoze ari umukuru w’igihugu cy’Ubufaransa, umuhisi Francois Mitterrand.
Mu ntango z’uku kwezi hari abanywanyi b’umugambwe w’aba Socialistes 23 bahoze muri leta ya Francois Mitterand, bandikiye umunyamabanga wa mbere wawo Olivier Faure.
Bamusavye kwihaniza umukandida wabo yareze Mitterand n’ubutegetsi bwiwe uruhare muri genocide yabaye mu 1994 mu Rwanda.
Nk’uko byatangajwe n’ibinyamakuru byo mu Bufaransa birimo le Canard Enchaine, abo bari abashikiranganji biyama amajambo ya Raphael Gluckmann ngo yavuze ko ‘Francois Mitterand yafashije muri genoside yabaye mu Rwanda mu 1994’.
- ‘Abaminisitiri’ baranenga uwavuze ko François Mitterrand yagize uruhare muri Jenoside mu Rwanda
- Perezida Macron w’Ubufaransa yategetse ko hakorwa iperereza ku ruhare rwabwo muri Jenoside yo mu Rwanda
- Ni kubera iki u Rwanda rushaka kurongora Francophonie, Ubufaransa nabwo buzokura iki mu gushigikira Mushikiwabo?
Ni amagambo bemeza ko yavuze inyuma ya mitingi yakoreye Toulouse yiyamamariza umwanya mu nama nshingamateka y’ubumwe bw’u Burayi.
Hubert Vedrine, yahoze ari umushikiranganji w’imigenderanire, aba umuvugizi wa Perezida Mitterand, n’ubu akaba ariwe ayobora ikigo Mitterand, yavuganye na Florentine Kwizera abanza kumubaza nimba hari icyakozwe inyuma y’iyo baruwa yabo, mu kiganiro mushobora kwumva aho hejuru.





