Home Inte'l HRW yagiriza u Rwanda kwica abantu 37 ku makosa adafashe(Kuba kanyondo nta...

HRW yagiriza u Rwanda kwica abantu 37 ku makosa adafashe(Kuba kanyondo nta cyo bizafasha ubutegetsi ngo ntibuzaho)

0

Ikigo giharanira agateka ka zina muntu Human Right Watch (HRW) cyavuze ko inteko z’umutekano z’igihugu cy’u Rwanda zishe niburiburi abantu 37 bagirizwa ibyaha bibayabaye kuva mu kwezi kwa kane mu 2016, mu cyegeranyo icyo kigo cyasohoye.

Icyo cegeranyo kivuga ko ari uburyo ubutegetsi bwafashwe, bwo kumarira abantu bose biketsweko ubusuma.Ibyabona vyabwiye HRW ko umuntu yafashwe yiba inka, ko yafatigwa ingingo mu nama yo mu muryango.

Fulgence Rukundo yarabajijwe ku bijanye n’inka yibwe, mu nyuma ajanwa mu nama irongowe n’umukuru w’ikomine. Umwe mu babibonye aravuga ibyakurikiye:”Igihe inama ihereye, abasirikare batwaye Fulgence mu murima uri iruhande y’itongo ry’ibitoke.

Twabikurikiye turi benshi; bamwe bari abana bo mu mashuli y’intango. Twashaka kubona ibiza kuba…Umusirikare yamubwiye ngo nahaguruke agende, undi musirikare adusaba kuhava. Muri uwo mwanya numvise uwurashe amasasu gatatu.”

Ibindi byabona byabwiye HRW ko abandi bishwe bagirizwa kwiba ibitoke, ipikipiki, kugurisha urumogi, kujabuka urubibe rujya muri RD Congo ata ruhushya, cyangwa gukoresha insenga zitarekuriwe mu kuroba.Ubutegetsi bw’u Rwanda bwahakanye ko ata bwicanyi ndengera kamere  bwakozwe bunyuranye na mategeko.

“Ariko igisubizo cyaje ku cyegeranyo cya HRW: Ni icyegeranyo kidafashe. HRW yabuze ingene yimenyekanisha. Basubiye kubeshwa kandi bitey’isoni.” (Niko umushikiranganji w’ubutungane, Johnson Busingye yavuze kuri Twitter.

Yanse kuvugana n’abamenyeshamakuru.

HRW yavuze ko mu 2015, yatohoje ko hari abantu baharugwa mu bihumbi bapfunzwe bidaciye mu mategeko barimwo abana bo mw’ibarabara hamwe n’abamaraya.

Translate »
Exit mobile version
Skip to toolbar