Icegera c’umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’Uburusiya, Mikhail Bogdanov, yavuze ko ibibazo vyose vyo mu karere ka Afrika bitegerezwa gutorerwa inyishu n’Abanyafurika bonyene ubwabo.
Uburusiya ni kimwe mu bihugu ntanyeganyezwa bigize urwego rw’ishyirahamwe ONU rujejwe amahoro n’umutekano kw’isi. Urwo rwego rwarasubiye kongereza, nta n’umwe avuyemo, ikiringo cy’inteko zijejwe kubahiriza umutekano w’ingabo za ONU zizwi kw’izina rya MONUSCO. Ikintu cya mbere izo nteko zizaba zijejwe n’ugufasha mu gikorwa cy’ugutunganya amatora ategenijwe kw’italiki 23 z’ukwezi kw’icumi na kabiri mu mwaka w’i 2018 muri Kongo.
Ikiringo cya kabiri ari nacyo cya nyuma cya Prezida Joseph Kabila cyarangiye kw’italiki 20 z’ukwezi kw’icumi na kabiri mu mwaka w’i 2016.
Kabila avuga ko azokwubahiriza ibwirizwa shingiro. Yamara ntiyatangaje icese ko azova ku butegetsi. Abatavuga rumwe nawe bamwagiriza ko ariho arondera uburyo bw’ukuguma ku butegetsi. Prezida Putin yashigikiye ukutivanga mu bibazo bya politike muri Kongo.





