Mw’ijambo yashikirije ari ku kirimba cya White House, umukuru w’igihugu wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika yemanze Yerusaremu nk’umurwa mukuru wa Isirayeri.
Iyi ngingo yo kuri uyu wa gatatu igiye mu mateka kuko ihinduye politike y’Amerika ku kibazo cy’uyu mujyi urwanirwa n’impande zibiri.
Umukuru w’igihugu kandi yatangaje ko ibiro biserukira Amerika bizimurwa bive aho bisanzwe i Tel Aviv bijye Yerusaremu.
- Amahanga arasaba Trump kutemera ko Yeruzalemu ari umurwa mukuru wa Israeli
- Perezida Trump yanenze FBI
- Prezida Trump yasuzuguye umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza Theresa May
Yavuze ko iyo ngingo itagamije kwerekana ko Amerika ihevye gushigikira umuzo w’amahoro aramye mu burasirazuba bwo hagati.
Yavuze ko yiteguriye gushigikira ishingwa rya leta zibiri nk’umuti wo gukemura ikibazo kimaze imyaka n’imyaniko hagati ya Isirayeri na Palestine, nimba impande zombi zibishaka.
