Umuyobozi wa FBI yirukanywe, James Comey, ategekanya kwisigura imbere y’umugwi w’inama nkenguzamateka ku by’iperereza ku munsi wa kane, aho ashobora gusohora amabanga yahungabanya ubutegetsi bwa Washington, nkuko ibinyamakuru bya Amerika bivuga.
Umuyobozi wa FBI yirukanywe, James Comey, yabwiye umushikirizamanza mukuru Jeff Sessions ko atipfuza kuguma wenyene ari kumwe na Prezida, niko itangazamakuru rya Amerika ryavuze.
Ni kimwe mu birego byerekeye Donald Trump n’itohoza rikogwa ku Burusiya ko bwoba bwarivanze mu matora ya Amerika yo mu 2016.Ashikirije ayo majambo imbere yuko ashinga intahe imbere y’umurwi w’inama nkenguzamateka ku munsi wa kane.
“Ndamwipfurije kuroranigwa,” niko Bwana Trump yavuze ku byerekeye Bwana Comey, igihe yahuraga n’aba Républicains.Ku rundi ruhande, Bwana Sessions yasabye ko yatanga imihoho, nkuko amakuru asohoka avuga.
Imigenderanire hagati y’umushikirizamanza mukuru na Prezida yatangiye gucumbagira igihe Bwana Sessions yikuye mu matohoza yerekeye Uburusiya, niko amakuru ya Washington Post, New York Times, na Politico avuga.Bwana Trump yaramwangiye ko atanga imihoho, niko ibyo bigo byavuze.
Intahe ya Bwana Comey mu murwi w’inama nkenguzamateka ujejwe iperereza, ishobora guhungabanya ubutegetsi bwa Washington, mu gihe ashobora kubazwa ku byo yaganiriye na Bwana Trump ku bijanye n’amatohoza akogwa no ku vyerekeye iyamamaza ryiwe, n’ uwahora ari umuhanuzi mu by’umutekano, Michael Flynn.
Ikindi kintu gishobora gutera uruhagarara muri White House, Washington Post ivuga ko Bwana Trump yoba yasavye Dan Coats, umuyobozi w’ikigo c’igihugu c’iperereza “National Intelligence”, ngo yumvishe FBI ko bohagarika itohoza rikogwa kuri Bwana Flynn.
Bwana Coats aja kwisigura imbere y’umugwi ujejwe iperereza uno munsi ku mugoroba.





