Mu Burundi, umugambwe uri ku butegetsi wa CNDD-FDD, uragiriza prezida w’urwanda Paul Kagame kuba inyuma y’ibibi vyose bimaze iminsi biba mu Burundi ariko na cane cane kugerageza gufasha Pierre Buyoya kugaruka ku butegetsi bw’ico gihugu.
Mw’itangazo ryasomwe kuri radio y’igihugu , uwo mugambwe uvuga ko ivyo yabigerageje mu nzira nyinshi, harimwo no kuzana inteko zo hanze no gucanishamwo amoko.
Si ubwa mbere umugambwe CNDD FDD ishira mu majwi abo bantu babiri n’abandi banyamahanga, harimwo uwahoze ari umushikiranganji wa mbere w’Ububiligi na n’uwuserukira igihugu cya Amerika muri ONU, Samantha Power.
Iryo tangazo ku bisanzwe ryari iryo gushimira abakuru b’ibihugu ba Africa kubona baranse irungikwa ry’inteko mvamakungu mu Burundi mu nama y’abo iheruka kubera I Addis Abeba.
Save
Save
Save
