HomeJusticeBasanze umuti wa Joseph Kabila ari Jean Pieeri Bemba

Basanze umuti wa Joseph Kabila ari Jean Pieeri Bemba

Jean Pierre Bemba ubu aridegemvya nyuma y’imyaka cumi

Urukiko mpanabyaha mpuzamakungu iri i La Haye, CPI, yakuyeko ivyaha byari byarahamijwe Jean Pirre Bemba, uwahoze ari icyegera cy’umukuru w’igihugu cya Republika y’intwaro ya Demokrasi ya Kongo.

Yari yahamijwe ibyaha byo mu ntambara hamwe n’ivyaha bijanye no guhohotera ikiremwa muntu.Abashigikiye bwana Bemba bavugije impundu kubera umunezero igihe icyemezo cy’urukiko cyatangazwa i La Haye.

Mu 2016, bwana Bemba yahawe igihano c’imyaka cumi n’umunani yagiriwe n’ubugizi bwa nabi bwakozwe n’abasirikare biwe mu gihugu ca Centre Afrique, harimwo kwica no gufata ku nguvu.

Abacamanza bavuze ko adashobora kubazwa ibyaha byakozwe n’abasirikare biwe mu gihugu cy’amahanga.

Bwana Bemba yari amaze hafi imyaka cumi mw’ibohero rya CPI i La Haye mu Buholandi.

RELATED ARTICLES
- Advertisment -
Google search engine

Most Popular

Recent Comments