HomeNewsBamwe mu bategetsi ba Kongo bafatiwe ibihanano n'Uburaya

Bamwe mu bategetsi ba Kongo bafatiwe ibihanano n’Uburaya

Umushikiranganji wa Kongo ajejwe kumenyesha amakuru, Lambert Mende, ari mu bafatiwe ibihano n’ishirahamwe rya Buraya

Ishirahamwe rya Buraya ryafatiye ibihano bamwe mu bategetsi bakomeye bo muri leta ya Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo.Abafatiwe ibihano barimwo umushikiranganji ajejwe kumenyesha amakuru, akaba n’umuvuzi wa leta, Lambert Mende, hamwe n’umukuru w’urwego rw’iperereza Kalev Mutond.

Abandi bafatwe ibihano ni Gen de Brigade Eric Ruhorimbere na Muhindo Aliki Mundos, umugaba wa brigade y’i Beni, uyu kandi igihe yagenwa umugwi wa ONU uhagarariye amahoro muri Kongo, MONUSCO, ukaba waranse gukorana nawe.

Ibyo baregwa…

Bose bagirizwa kugira uruhara mu bikorwa byo guhohotera abatavuga rumwe na leta hamwe no kubangamira ukwishira ukizana.Umushikiranganji Lambert Mende muvyo yagirizwa harimwo gukumira abanyamakuru mpuzamakungu mu kubankira kuza muri Kongo.

Nayo uwujejwe iperereza, Kalev Mutond, we aregwa kuba ariwe yatovye ishirwa mu ngiro ry’amasezerano y’amahoro hagati ya leta n’abo batavuga rumwe, yashizweko umukono mu mpera z’umwaka uheze.

Kongo iri mu mvururu za politike zavuye ahanini ku matora atabaye mu mwaka uheze

Ibihano bafatiwe

Bose babujijwe gufata ingendo mu bihugu biri mw’ishirahamwe rya Buraya cyangwa biri mu gice cya Schengen.Imitungo bafite muri ibyo bihugu, yaba amazu cyangwa amafaranga mu bubiko bw’amabanki nayo yafatiriwe.Kongo iri mu mvururu za politike zatewe n’uko amatora yagomba kuba mu mwaka uheze atabaye, ibiganiro vbahagarikiwe n’urwego rw’abasenyeri ba Gatolika nabyo bikaba ata kigaraga byashitseho.

Abatavuga rumwe na leta bamye bagiriza Prezida Joseph Kabila kudindiza amatora kugira ashobore kuguma ku butegetsi.Nta vyinshi leta ya Kongo yavuze kuri ibi bihano, ariko umwe mu bategetsi bo mu bushikiranganji bujejwe imigenderanire yavuze ko ibi bihano Kongo yabimenyeshejwe mu nyandiko, nayo ngo ikazovyishuraho mu nyandiko nyine.

Save

RELATED ARTICLES
- Advertisment -
Google search engine

Most Popular

Recent Comments