HomeNewsAmerika Yarungitse Ibigwanisho mu Karere ka Koreya

Amerika Yarungitse Ibigwanisho mu Karere ka Koreya

Igisirikare kigwanira mu mazi cya Leta Zunze Ubumwe za Amerika cyarungitse ibigwanisho mu karere Koreya, mu ntumbero yo guha ubutumwa Koreya ya Ruguru, ku bijanye n’ibigwanisho vy’ibigendejuru yateye mur’iyi cyumweru gishize. Ni mu gihe ONU imaze kwiyamiriza akatari gake iterwa ry’ibyo birwanisho Koreya ya Ruguru igakomeza kugerageza.

Amerika imenyesha ko yohereje ibirwanisho byo mu mazi byerekera mu karere ko m’ubumanuko igihe abasirikare gishobora gukenera kubyifashisha. Dave Benham, umuyobozi mubyo gutumanaho murwego rwo guhana amakuru mu gisata cy’abasirikare barwanira mu mazi, yabwiye Ijwi rya Amerika ko bafite intumbero yo gukingira inyungu za Amerika mu karere ka pasifike.

Benham avuga ko Koreya ya Ruguru ariyo ya mbere ibangamiye umutekano mur’ako karere. Akavuga ko mu bigwanisho barungitse harimwo ibishobora gusambura ibigwanisho bya misile.

Mubyo Prezida Trump yaganiriye na mugenzi we w’Ubushinwa, Xi Jinping, harimwo ibijanye n’ibigwanisho bikorwa na Koreya ya Ruguru, yamara nta byinshi byatangajwe kuvyerekeye ingingo abo bategetsi boba barashe kugira bahagarike umugambi wa Koreya ya Ruguru wo guhingura ibirwanisho bya misile.

Save

RELATED ARTICLES
- Advertisment -
Google search engine

Most Popular

Recent Comments